Masterland yasezeye indonyi record aja kwugurura studio yiwe

0

Umuhinyanyuzi akongera akaba umuririmvyi Masterland yasezeye studio yaramaze umwaka n’inusu akorera aja kwugurura studio yiwe yitwa Master muzik.

abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,Masterland akaba yamenyesheje ko avuye muri indonyi record,anatako anamenyesha ko agiye gukorera muri studio yiwe nshasha yitwa Master Muzik
masterland
Masterland akaba yavuze ati:Nk’uko benshi muguma muvyibazako, abandi bambaza bafise impungenge ko touch yanje yoba nayo igiye kubura muri ‪#‎Bujaflava‬, ni mureme kubera mu misi iharurirwa ku ntoki , ngiye kwungururiza muri studio nshasha ndabazaniye, Ije izanye impindura matwara n’akabirya, igiye kwitwa ‪#‎Master_Muzik‬;nzoba ndanabereye kizigenza(CEO) ,.. Nobamenyesha ko ibikorwa vyo kuyubaka no kuyishariza ubu bigeze kuri 95%..Mukazogenda muramenyeshwa bishasha bijanye nayo…. Aho itangurana n’uku kwa mbere muri quartier Taba, zone Gihosha, kw’ibarabara RN1 urenganye gato ahari ibiro vya Lumitel

Abahora bandonderera muri studio ‪#‎Indonyi_records‬, nsa n’uwubasezeye ndabamenyesha ibijanye naho nungururije kubw’impamvu yogukomeza gutez’imbere imbere umuziki n’akaranga vyacu ndundi muri rusangi..Nongera nshimira Mtnumber Onee ukwo twakorany eka na ‪#‎Emmy_Pro‬ yari ‪#‎Manager‬.. Murakoze!!!