Evariste Ndayishimiye aragabisha ‘Intashima’ zo muri CNDD-FDD

0

Umunyamabanga mukuur wa CNDD-FDD akongfera akaba uwuzoserukira umugambwe wiwe mu matora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa Rusama 2020, Evariste Ndayishimiye, yagabishije abo yise ‘Intashima’ muri CNDD-FDD.

Mw’ijambo Evariste Mdaysihimiye batazira Neva yashikirije yagabishije abagumyabanga bamwe bamwe bashobora kuba batashimye kuba nabo batatowe ngo bazotware Uburundi nk’uko wewe yatowe.

“Nimwiyumvire neza iyo mwavuye, murabe amafoto yanyu mwari mufise mu 2005, urashobora kurota mwiyumvira ko twosubira inyuma kubera wiyumviriye ko ariwe wewe utariko uranyonga iyo modoka, kubera utariko unyonga iyo fuso? barya rero ni intashima”, niko Evariste Ndayishimiye yavuze.

Abihweza ibintu bakavuga ko Ndaysihimiye yashize ahabona umwidogo wa bamwe bamwe mu bagumyabanga batashimiye itorwa ryiwe, bakagira ishari.

Abandi bakabona ko nyabuna yatanze ingabisho hakiri kare ko abazohirahira bazane imigumuko muri CNDD-FDD bashobora kwirukanwa bakayungururwa bakavamwo.