Anicet Niyonkuru asaba abandi banyepolitike bahunze gutaha.

0

Ivyo akaba yabivuze kur’uyu w’Imana igihe umugambwe wiwe CDP warufise ikoraniro kaminuza ryo kwitegurira amatora yo mu 2020 no kugena uwuzowuserukira murayo matora yo mu 2020. Anicet Niyonkuru akaba yaciye yongerwa ikiringo co kurongora uyo mugambwe no kuzowuserukira mu matora yo mu 2020 ariko Anicet Niyonkuru akaba yavuze ko umugambwe wiwe uriko urondera iyindi migambwe kugira baje murayo matora bari m’urunani.

Anicet Niyonkuru mw’ijambo ryiwe akaba yarasavye abo barikumwe m’urunani CNARED ko botaha bakitaba amatora yo mu 2020. Akavuga ko kuva atashe mu kwezi k’umunani umwaka uheze atanumwe aramurya urwara kandi n’abanywanyi biwe ataco baraba. Yaciye asaba umurwi CENI ko wokworehereza abatahutse mukubandika ku ntonde z’abazokwitoza n’abazotora.

Mu migambi Anicet Niyonkuru yashikirije yorangura mu gihe yoramutswa igihugu yamenyesheje ko yokubaka amabarabara meza atagira ibinogo kandi amwe aca hejuru, akavuga ko yorekura abatwara amataxis moto na za bajaje gutembere ijoro ryose kandi mu gisagara hose, ko yosanura imigenderanire n’ibindi bihugu hakaba arinaho hova uburyo bwo gukora iyo migambi yose.