Domitien Ndayizeye nawe yagiye mu bahiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu

0

Uwahoze atwara Uburundi imbere y’uko CNDD-FDD ifata ubutegetsi, Domitien Ndayizeye, yemejwe ku mugaragaro ko agiye guserukira Urunani rw’imigambwe Kira-Burundi mu matora ya Rusama 2020.

Domitien Ndayizeye arazwi ko yamye atavuga rumwe na leta ya CNDD-FDD ku buryo yamye abakosora ku mugaragaro nko ku bijanye n’uko urwaruka rw’imbonerakure rwigenze mu batavuga rumwe na leta.

Muri urwo runani hari hagize imisi hari ukutumvikana mu barugize aho mbere umwe mu migambwe irugize ariwo CDP waciye ukinjura urava muri urwo runani kubera ko Anicet Niyonkuru awuyoboye yankiwe gushirwa imbere ngo yitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Ayandi makuru ava mu runani Kira-Burundi rurongowe na Aloys Baricako yavuga ko vyari vyitezwe ko hashirwa imbere uwahoze muri CNDD-FDD, Jeremie Ngendakumana.

Uwo Jeremie Ngendakumana, asanzwe yarankiwe kwinjira mu Burundi ari I kampala mu Buganda ashobora kuba nawe yaratumye hataba umwumvikano hagati ya Domitien Ndayizeye, Anicet Niyonkuru hamwe na Jeremie Ngendakumana ku woshirwa imbere mu matora y’umukuru w’igihugu.