Mw’ijambo umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yashikirije mu ntara ya Bubanza, yahamagariye abatunzi bo mu gihugu c’Uburundi gufasha abandi bataragira aho bishikana.

“Nobwira abamze kuduga ko bosubira inyuma bagafasha barya bakiri inyuma…hari umugabo ashobora kuronka ivyo azofungura imyaka amajana abiri…ariko wumva bizoribwa na nde?”, niko Evariste Ndayishimiye yavuze.
Evariste Ndayishimiye biragarara cane ko abamwihweza bamubona ko agiye kuzohagurukira bamwe mu Barundi bafise ubutunzi budasiguritse na cane cane bamwe bari muri uyo mugambwe wiwe nyene, CNDD-FDD.
Mw’ijambo yaheruka gushikiriza, Evariste Ndayishimiye yaragabishije ‘intashima zo muri CNDD-FDD’ ko zikwiye kwisubirako zitaribonerako.
Bamwe bamwe baratanguye kwibaza nimba Evariste Ndayishimiye azohangana n’ibihangange bitari bike vyegeranije ubutunzi butayega kuva mu mwaka wa 2005 umugambwe wiwe ufashe ubutegetsi.
Evariste Ndayishimiye akaba ariwe yashizwe imbere ngo azoserukire umugamwe CNDD-FDD mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Rusama 2020.
Mwumvirize ngaha Evariste Ndayishimiye uko yabwiye ibihangange mu vy’Ubutunzi mu Burundi:





Recent Comments