Ivyo bivugwa n’umuyobozi mukuru w’ikibuga c’indege, Emmanuel Habonimana, aho amenyesha ko uwuje avuye mu gihugu c’Ubuchinois canke avuye ahandi afise ikimenyetso kimwe cerekana ko afise uwo mugera baca bamushira ukwawenyene bakagira ibipimo bikenewe.

Emmanuel Habonimana amenyesha ko uwuvuye mu gihugu c’Ubuchinois afise ibimenyetso vy’iyo ngwara babimenya kare bagaca bamushira ukwawenyene. Ariko Emmanuel Habonimana akaba atamenyesheje ko ubuhinga bwo gupima iyo ngwara buhari no kuyivura, akaba yamenyesheje gusa ko bakorana n’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA.
Iyo ngwara yandukira iciye mu muyaga ikaba iriko iratandukira ibihugu vyinshi kw’Isi inyums ysho yadukiye mu gihugu c’Ubuchinois. Aho twovuga nk’ibihugu vya buraya Italie, Ubufaransa, Leta zunze ubumwe bwa Amerika, no muri Asia nk’igihugu ca Iran. Muri Afrika bakavuga umugwayi umwe umwe nko muri Kenya na Nigeria. Eka n’ubutunzi bw’amahinguriro bukaba butanguye kugabanuka kuko abantu batinya gufata ingendo baja kurangura canke gushora ibidandazwa.





Recent Comments