Cibitoke : Umuntu umwe yishwe atemagujwe imipanga

0

Umuntu umwe yishwe atemegujwe imipanga kuri uwu wa kabiri, muri komine Murwi, intara ya Cibitoke. Nk’uko vyemezwa n’umukuru w’umutumba wabereye ubwo bwicanyi, uwo muntu yishwe yari mu murwi w’abasuma bafashwe mw’ijoro bari kwiba mu mihana iri kuri uwo mutumba.

Abanyagihugu bari biraririye nibo bafashe uwo yagirizwa ubusuma, abo bari kumwe bariruka. Inyuma y’ugufatwa, abo banyagihugu baciye bamwica bamutemaguje imipanga.

Joseph CIZA, Musitanteri wa komine Murwi asaba abanyagihugu kuzazanura n’ingeso y’ukwihanira, akabahamagarira gushikiriza ubutungane aboba bafashwe bagirizwa ubugizi bwa nabi butandukanye.