Monday, September 26, 2022
HomeNewsColonel RUFYIRI Lucien yiciwe mu Ngagara

Colonel RUFYIRI Lucien yiciwe mu Ngagara

Intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi, Colonel RUFYIRI Lucien wo mu bwoko bw’abatutsi, akaba yari umukukuruke mu gisirikare, yagandaguwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu n’abantu bitwaje inkoho batamenyekanye.

Abishe Colonel RUFYIRI bamusanze muhira iwe muri zone ya Ngagara, karitiye ya kabiri, mu gihe yari mu muduga arindiriye ko bamwugururira umuryango, baca baramurasa.

ECHO

OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bantu bitwaje ibirwanisho bari mu muduga ufise ibiyo bitabonerana, umwe muribo akaba yarashe Colonel Rufyiri amasasu ane akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet.

Umuhungu wa Colonel Rufyiri nawe nyene yari kumwe na se wiwe mu muduga yakorekejwe n’abo bantu bitwaje inkoho.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...