Amerika yasavye ko amatariki y’ibiganiro nyezina yotangazwa vuba

0

Reta zunze ubumwe za Amerika imeneysha ko itewe intege n’imibonano yasozerewe kuri uwa kabiri i Arusha muri Tanzaniya, hagati y’aberwa n’ibibazo vya poritike vy’Uburundi.
Amerika imenyesha ko ari intambwe ishimishije izoshikana ku biganiro bizozanira Uburundi amahoro arama.

Mw’itangazo Amerika yasohoye kuwa kabiri, irashima uburongozi bw’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, Benjamin Mkapa mu gufasha muri iyo mibonano.
Amerika ishimishwa n’uko abitavye iyo mibonano bose babonye ko ari nkenerwa ko vyihuta ko ayandi matariki y’ibindi biganiro yotangazwa vuba.

periel

Amerika imenyesha kandi ko ari nkenerwa ko imigwi yose yotumirwa mu biganiro, yaba imigambwe mishasha n’iya kera hatibagiwe n’abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Kugira habe icuka ciza mu biganiro, Amerika isaba impande zose guhagarika ubwicanyi bwose, igasaba kandi Reta y’Uburundi guhagarika gutoteza abantu no gufunga abantu ibahoye ivyiyumviro vyabo vya poritike.

Amerika irangiza imenyesha ko yiteguye gushigikira umugambi w’amahoro mu Burundi, kandi ko itazoreka gufatira ibihano abo bose bizogaragara ko bahungabanya agateka ka zina muntu mu Burundi.