Dj N.C aje atavyorosha mu mwuga wiwe

0

Iyo Imana iguhaye ingabirano ntiraba aho wavukiye canke imyaka ufise, ahubwo iguhaye iraguha

Dj N.c n’umwe muba dj b’urwaruka baje batavyorosha hano mu gihugu c’uburundi aho benshi basigaye bavuga ko niyabandanya akora uko ariko arakora muri kino gihe ko ashobora kwibagiza abantu aba dj b’abarundi bateye imbere kandi bakundwa cane kuko ngo ari umuntu asanzwe akunda akazi kiwe kandi ko agakorana ishaka ryinshi cane
DJ NC
Kuri uno munsi rero ikinyamakuru cacu ubmnews cari camwegereye kiramubaza ingene yiyumva kubona ubu ari umwe muba Dj basanzwe bikorako cane,Dj nc akaba yatubwiye ati:biranryohera cane kubona abantu bamaze gutahura akazi kanje binyereka ko imbere ari heza mu kazi kanje kandi ndabishima Imana

Tworangiza tubamenyesha ko Dj Nc ariwe mu Dj asanzwe ariko aravuza mw’ihiganwa rimaze iminsi riba hano mu gisagara ca Bujumbura,ihiganwa bise”Tambira Amahoro”