Colonel HABARUGIRA Jean LUC yahatswe kugandagurwa

0

Igisasu co mu bwoko bwa Gerenade catewe ku rugo rwa Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru w’ishirahamwe APRODH mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri. Iyo gerenade yakomerekeje umuntu umwe yari mu bunywero buri kuri urwo rugo ruri muri karitiye ya Carama, zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Abajejwe umutekano muri iyo karitiye bakaba bamenyesha ko biboneka ko uwaronderwa ari Colonel HABARUGIRA Jean LUC, intwazangabo y’igisirikare c’Uburundi ikorera mu biro bikuru vy’igisirikare c’Uburundi.

haba

Nk’uko bimenyeshwa n’ababanyi begereye ahatewe iyo gerenade, hari nk’igihe nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itanu, aho mu bunywero buri ku rugo rwa Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru w’ishirahamwe APRODH asanzwe ari mu buhungiro mu gihugu c’Ububirigi haterwa gerenade, ivyakozwe n’umuntu atashoboye kumenyekana. Iyo gerenade yatewe mu gihe Colonel Jean Luc HABARUGIRA yari ahagurutse, agiye kuriha amafaranga y’ibinyobwa yafashe, ikaba yatewe mu kibanza yari yicayemwo, ikomeretsa uwo mupfasoni wiwe.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE ashikiriza ko iyo gerenade yakomerekeje umupfasoni wa Colonel HABARUGIRA Jean Luc yari asanzwe ari muri ubwo bunywero, ari kumwe n’iyo ntwazangabo mu gisirikare c’Uburundi.