Cibitoke:Inyuma Yaho Umurundi Umwe Anyururijwe N’Igisoda C’Urwanda, Icuka Si Ciza.

0

Imigenderanire yUburundi n’Urwanda ibandanya gutituka, impande zompi zikagirizanya ko arizo ziri inyuma yubugizi bwa nabi bukorerwa bamwe mu banyagihugu bivyo bihugu. Nkuko isoko ryiyi nkuru ribimenyesha,icuka si ciza kuva kuri uwu wa kabiri, intango ya vyose ni amasasu yumvikanye mu Rwanda hafi yUburundi, mu masaha adashika 24, umunyarwanda umwe akaba yishwe, uwundi aranyuruzwa, abagera kuri 8 nabo barakomeretswa na gerenade yatewe ku butaka bwUrwanda. Ku ruhande rwUburundi, umuntu yafashwe nigisirikare c’Urwanda.

Mwijoro ryo kuri uwu wa kabiri, igisirikare cUrwanda kimenyesha ko abantu bataramenyekana bateye gerenade zibiri, banarasa ku banyagihugu bo mu Rwanda bariko banywa inzoga mu bunywero bwo ku mutumba wa Bugarama, Akarere ka Rusizi, nkigihe cisaha zibiri niminota mirongo itatu zijoro. Umuntu umwe yaciye apfa, abandi umunani barakomereka. Amakuru atangwa nigihugu cUrwanda avuga ko abateye iyo gerenade ari abantu babiri bari bambaye impuzu zisanzwe baciye berekeza mu Burundi.

Lt Col René Ngendahimana, umuvugizi wigisirikare cUrwanda amenyesha ko hariko harakorwa ibishoboka vyose kugira ivyaraye bibaye ntibzosubire. Uwo avugira igisirikare cUrwanda agira ati : “Ntabwo turamenya ababikoze aho baturutse naho basubiye barangije ,gusa ikigaragara ni uko ari ahantu higeze kubera insanganya nkizo mu gihe cashize aho abantu baturutse i Burundi bica abanyagihugu bari muri ako gace.”

Lt Col René Ngendahimana,Umuvugizi w’igisoda c’Urwanda

Inyuma yico gitero cakozwe ku butaka bwUrwanda, igiporisi cUburundi camenyesheje mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu ko hari umunyagihugu wUburundi yafashwe nabasirikare bUrwanda.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi akavuga ko ifatwa ryuwo murundi ryoba rifitaniye isano nugushaka kumwegekako ivyico gitero cakozwe ku butaka bwUrwanda.

NDAYIKENGURUKIYE Jackson asanzwe akora akazi ko kuroba yafashwe nkigihe cisaha imwe nigice mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu,ku ruzi Ruhwa rugabura Urwanda nUburundi. Uwari kumwe nuwo yafashwe yashoboye guhungira ku ruhande rw’Uburundi ntiyafatwa.

Imbere yuko NDAYIKENGURUKIYE Jackson afatwa, igiporisi cUburundi kivuga ko abasirikare b’Urwanda barashe amasase atanu hejuru.

Reta y’Uburundi iherutse kumenyesha ko ifise ibimenyetso bikwiye vyerekana ko igihugu cUrwanda gifise uruhara mu bikorwa vyo gushigikira abashatse gutembagaza ubutegetsi bwumukuru wigihugu Petero NKURUNZIZA, guhungabanya umutekano mu gihugu cUburundi, kwigisha igisirikare abatera Uburundi, hamwe nukurungika Abanyarwanda bafatirwa mu Burundi baje guhungabanya umutekano.

Urwanda narwo rwagiriza Uburundi ko bwahaye indaro abarwanyi ba FDLR barwanya Reta yigihugu cUrwanda. Mu kiganiro yagiranye nikinyamakuru “Die Tageszeitung” co mu Budagi, Louise Mushikiwabo, umuvugizi wa Reta yUrwanda yamenyesheje ko igihe ibibazo vya poritike mu Burundi vyatangura, abarwanyi ba FDLR bajabutse umupaka bava muri Kivu yAmaja Epfo, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bakerekeza mu Burundi.

Umuvugizi wa Reta y’Urwanda, Louise Mushikiwabo yamenyesheje ko mu gihe cose Uburundi buzoba bwavuye mu bibazo vya poritike burimwo, Urwanda rwiteguye kuganira nabwo kuri ico kibazo.
Kuri ivyo vyagiriji, Reta y’Uburundi ivuga ko ataba FDLR bigeze baba ku butaka bwUburundi kandi ko batazigera bahaba. Reta yUburundi ivuga ko nicegeranyo cabahinga binama mpuzamakungu yibihugu vyakarere kibiyaga bigari, CIRGL cashizwe ahabona, cerekanye ko abo barwanyi atabari mu Burundi.

Imigenderanire hagati yUburundi nUrwanda ikaba isa nkiyatanguye gutosekara kuva aho Petero NKURUNZIZA afatiye ingingo yo gusubira kwitoza mu kibanza cumukuru wigihugu kuwa 26 Ndamukiza 2015.