Cibitoke : Umutama yagirizwa uburozi yishwe

0

Ingeso y’ukwihanira irabandanya kwibonekeza mu ntara ya Cibitoke, aho umunyagihugu azwi kw’izina rya Jean Claude Mfatukobiri, umutama w’imyaka 75 yishwe n’abantu bataramenyekana, bamusanze ku rugo iwe ruri ku musozi Munanira, komine Mabayi, mu ntara ya Cibitoke.

tiri
Uwo munyagihugu yishwe agize uwa kane agandaguwe muri iyo komine ya Mabayi, mu kiring c’indwi zidashika zibiri, yagirizwa uburozi.

Abagandaguye uwo mutama ntibaramenyekana, mu giporisi bakamenyesha ko amatohoza yatanguye.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara basaba abanyagihugu kuvavanura n’ingeso y’ukwihanira, canke kwagirizanya ivyaha. Abo banyagihugu bahamagarirwa kwitura ubutungane hamwe n’abajejwe intwaro, mu gihe bafise ivyo bapfa hagati yabo.