‘Ugutubika umukanda’ mu mafaranga azokoreshwa mu 2018/2019 muri leta y’Uburundi.

0

Abashingamateka baraye batoye bahuje inama amafaranga leta y’Uburundi izokoresha mu mwaka wa 2018/2019, ariko bikaba biboneka ko ari intunganyo yo ‘gutubika umukanda’ ikibandanya kuva mu mwaka wa 2016 kuva aho abafasha Uburundi bahagarikiye ibijanye no gufasha Uburundi mu migambi yo kwiteza imbere.

Iyi ngingo y’amafaranga azokoreshwa mu mwaka wa 2018/2019 ikaba ije ihwana n’ibwirizwa shingiro rishasha ryatangajwe itariki 7 Ruheshi 2018.

Umushikiranganji w’ikigega ca leta, Domitien Ndihokubwayo, yamenyesheje ati: “…umugambi w’amafaranga leta ikoresha ku mwaka uje uhura nuko ibihugu vy’akarere bikora na cane cane Kenya, Ouganda, Tanzania, Sudani y’Epfo, Urwanda”. Yamenyesheje ko amahera ayo ma leta ya EAC akoresha atangura guharurwa guhera mu kwezi kwa Mukakaro gushika muri Ruheshi uyundi mwaka.

Rero vyaragiye ahabona ko amahera leta y’Uburundi izokoresha mu mwaka wa 2018/2019 ari imiliyaridi 1 237 y’amarundi(1 237 125 399 430 fbu), ariko bikaba vyitezwe ko amahera yokoreshwa muri uyo mwaka ari imiliyaridi 1 400, gutyo bikaboneka ko hari igiharwe c’amafaranga angana n’imiliyaridfi 200 abura kuyo leta yategekanya gukoreshwa.

Umugambwi rero wo gutubika umukanda ukaba ubandanya muri leta y’Uburundi nk’uko biboneka.Ndihokubwayo akaba amenyesha ko ubushikiranganji bumwe bumwe n’inzego zimwe zimwe za leta zigiye guhindura uko zizokora kugira hisungwe ayo mafaranga yabonetse hamwe n’ayo abura, kubera ‘uko zivugijwe ariko zitambwa’.