Young Dany yoba asigaye afise uwundi mukunzi?

0

umuririmvyi w’umugwi Best Life Music Young Dany yashize isanamu hanze arikumwe n’umwigeme wundi atari urya twari tumereye bakundana,ivyo rero bikaba vyatumye abantu benshi biyumvira vyinshi aho benshi batanguye kuvuga yuko boba barikumwe mu rukundo
dany
Nyuma yo kubona iyo sanamu tukaba twaramwegereye uyo muririmvyi kugira aduhe umuco,Young Dany akaba yatwishuye ati:nivyukuri abantu bariyumviriye vyinshi aho benshi bibajije yuko twoba dusohokana nuyo mwigeme bivanye n’isanamu babonye ariko nobahumuriza ndababwira ko atarivyo kuko mfise umukunzi dukundana kandi twizerana

Tworangiza tubamenyesha ko Young Dany yarasanzwe azwi ko ari mu rukundo n’umwigeme yitwa Christa Hasta