Umugwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi uhejeje ‘gusokora’ abakandida bane mu kibanza co guhiganirwa kuba umukuru w’igihugu mu kwezi kwa gatanu 2020.
Nk’uko bishirwa ahabona, abakandida bane bakuwemwo ni Jacques Bigirimana atwara umugambwe FNL, Domitien Ndayizeye yari yaserukiye urunani Kira-Burundi, Anicet Niyonkuru atwara CDP na Kavakure Valentin wo mu mugambwe FPN.’
Nk’uko bishirwa ahabona, abo ‘bakinjuriwe’ muiri CENI bakaba bahawe ‘gusa imisi ibiri kugira babe babajije ibibazo'(faire recours) kuri iyo ngingo bafatiwe.
Hari abariko bibaza ko kumbure bazohava basubizwa ingwati y’amafaranga yabo batanze muri Banki Nkuru ariyo ngwati ya 30 000 000 FBU.
Bikaba bizwi ko nimiburiri kugira uwatanze iyo ngwati ayisubizwe ategerezwa kuronka n’imiburiburi ibice 5 kw’ijana vy’amajwi igihe amatora yaheze hagatangazwa ivyayavuyemwo.
1/2 #Burundi Les dossiers des candidatures à la présidentielle de 2020 de Jacques Bigirimana, d'Anicet Niyonkuru, de Valentin Kavakure et de Domitien Ndayizeye ont été rejetés. Ils ont deux jours pour faire le recours auprès de la Cour constitutionnelle pic.twitter.com/o9roBjIa8f
— IWACU Burundi (@iwacuinfo) March 10, 2020
Recent Comments