UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

CENI ‘yasokoye’ abakandida bane mu matora y’umukuru w’igihugu

UBM News ads

Umugwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi uhejeje ‘gusokora’ abakandida bane mu kibanza co guhiganirwa kuba umukuru w’igihugu mu kwezi kwa gatanu 2020.

Nk’uko bishirwa ahabona, abakandida bane bakuwemwo ni Jacques Bigirimana atwara umugambwe FNL, Domitien Ndayizeye yari yaserukiye urunani Kira-Burundi, Anicet Niyonkuru atwara CDP na Kavakure Valentin wo mu mugambwe FPN.’

Nk’uko bishirwa ahabona, abo ‘bakinjuriwe’ muiri CENI bakaba bahawe ‘gusa imisi ibiri kugira babe babajije ibibazo'(faire recours) kuri iyo ngingo bafatiwe.

Hari abariko bibaza ko kumbure bazohava basubizwa ingwati y’amafaranga yabo batanze muri Banki Nkuru ariyo ngwati ya 30 000 000 FBU.

Bikaba bizwi ko nimiburiri kugira uwatanze iyo ngwati ayisubizwe ategerezwa kuronka n’imiburiburi ibice 5 kw’ijana vy’amajwi igihe amatora yaheze hagatangazwa ivyayavuyemwo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments