Imigambwe ibandanya isokora mu matora y’umukuru w’igihugu yitezwe kuba mu kwezi kwa Rusama 2020 ku wa 20. Boba babura ya ngwati yo gushikana imiliyoni 30 mu mafaranga y’Amarundi mw’ibanki nkuru y’igihugu?
None vy’ukuri ko bariko basokora babitumwa n’iki? Bamwe bamwe biyumvira ibitandukanye, mbere bamwe biyumvira ko hazoba abandi basokora kumbure amatora ageze hagati.
Ubu naho hakurikiye iyindi migambwe nka CNDD ya Leonard Nyangoma yavuze ko itizeye umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora mu Burundi, CENI.
‘CNDD ya Leonard Nyangoma ikaba yamaze kubona ko CENI izokwiba amatora ya 2020 maze ikaba yahisemwo kuyavamwo kare’, nk’uko uwo mugambwe wamenyesheje.
Uwundi mugambwe wahisemwo gusokora ni UPD Zigamibanga aho wasohoye itangazo kuri uyu musi wa mbere itariki 9 Ntwarante 2020 hasigaye amezi n’k’abiri ngo amatora y’umukuru w’igihugu abe.
UPD Zigamibanga ariko umenyesha ko uzokwitaba amatora asanzwe uretse ay’umukuru w’igihugu.

Abatari bake baribaza nimba koko Sahwanya Frodebu Nyakuri, UPD Zigamibanga na CNDD ya Leonard Nyangoma boba babuze ya ngwati y’imilioni 30 asabwa gutangwa kugira habe ukwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
Hari n’abibaza ko kumbure hoba hariko hakorwa ‘mchezo wa ndani’ mu Burundi kugira biboneke ko Demokrasi ‘yatsimbataye’ hose.
Ubu hakaba hashikanye abakandida 10 mu murwi wa CENI bemejwe ko bagiye guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu kuva ku wa 26 Myandagaro 2020.
"Le parti UPD zigamibanga ne va pas participer aux présidentielles de 2020." Dans un communiqué de presse sorti ce lundi, ce parti indique que Kassim Abdoul n'est plus candidat à cette élection. Mais que l'UPD participera aux élections législatives et communales. #Burundi. pic.twitter.com/I6nJofAG0l
— Isanganiro (@RadioIsanganiro) March 9, 2020





Recent Comments