Buyenzi : Umutekano wahungabanijwe n’abateye gerenade

0

Ku munsi ugira kabiri w’urugendo rw’abakuru b’ibihugu barungitswe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, umutekano wahungabanye muri karitiye ya Buyenzi, ahatewe amagerenade abiri.

Iya mbere yatewe hafi y’ahakorera ishami rya Interbank riri hafi y’isoko ya Ruvumera, iya kabiri nayo ikaba yatewe kw’ibarabara rya 19 mu Buyenzi.

set

Abantu bataramenyekana igitigiri akaba aribo bakomerekejwe n’izo gerenade.
Izo gerenade zitewe ku munsi wa kabiri w’urugendo rw’intumwa z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika. Ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, abo bakuru b’ibihugu babonanye n’abanyeporitike, abaserukira amashengero hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura bakaba bamenyesha ko ata cizere na kimwe cavuye mu mubonano bagiranye n’uwo murwi w’abakuru b’ibihugu urongowe na Jacob ZUMA, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo.
Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yakiriwe muri uwo mubonano akaba ari SAHWANYA FRODEBU hamwe na UPRONA irongowe na Karori NDITIJE. Ivyavuye muri iyo mibonano turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.