Bururi : Umuporisi yishe arashe umusore wo mu bwoko bw’abatwa

0

Umuporisi yishe arashe umusore wo mu wo mu bwoko bw’abatwa yagirizwa ubusuma. Uwo musore yarasiwe kuri uwu wa gatatu mu ntara ya Bururi.

Intango ya vyose ni abanyagihugu bo muri iyo ntara batabaje abaporisi bavuga ko uwo musore ahejeje kwiba muri rumwe mu ngo ziri muri komine Bururi, intara ya Bururi. Umuporisi ashitse yabonye uwo musore mu nzu yari yinyegejemwo, aca aramurasa, ubwo nyene aba aritavye Imana.

Abanyagihugu bo mu muryango wo muri uwo musore baratwawe n’agashavu bashaka kwihora uwo muporisi ariko bagenzi we bakaba baciye bahashika ibara ritararwa.

Mu giporisi basigura ko uwo muporisi yarashe ariko arivuna, kuko uwo musore yari amwegera afise imbugita.

Umuryango w’uwo yishwe arashwe basaba ko uwo muporisi yokurikiranwa n’ubutungane, kuko ku bw’abo, yari afise ubundi buhinga yari gukoresha atabanje kwica uwo musore, canke akaba yari kumurasa aho adaca apfa.