Igipolisi c’Urwanda kirahakana Ivyo Umuhari Mushasha waraye umenyesheje.

0

Igipolisic’Urwanda caraye kimenyesheje ko ivyavuzwe n’umurwi waraye witangaje ko uje gukuraho ubutegetsi bwa Paul kagame kandi ko ariwo uri inyuma y’ibitero vyakozwe mu bumanuko bw’igihugu c’Urwanda “atari vyo namba”.

Reuters ishira ahabona ko Umurwi witangaje ko uvugirwa na Callixte Nsabimana Sankara, amenyesha ko umuhari MRCD(Rwanda Movement for Democratic Change) ko wiyemeje gutanguza intambara yo ‘guta hanze’ Paul kagame.

Callixte Nsabimana Sankara akaba ari mu murwi w’abatavuga rumwe na leta ya kagame maze bakaba bahora ari abafasha biwe maze bashinga ico bise Rwandan national Congress.

Mu gihe hari abateye Urwanda mu Bumanuko muri Ruheshi no muri kuno kwezi kwa Mukakaro, abategetsi b’urwanda bakaba barishikiye aho habereye ivyo bitero. Abapolisi bakaba baciye bahakana ivyo uwo murwi washize ahabona ko ariwo uri inyuma y’ivyo bitero maze umenyesha ko ivyo bitero vyakozwe n'”abantu batazwi”.

Theos Badege, umuvugizi w’igipolisi c’Urwanda akaba yamenyesheje ati: ” Nta ngorane z’umutekano muke dufise hano mu Rwanda…Turafise umutekano…barateye maze barasahura ibitungwa n’ibifungurwa, ariko kubera ko Sankara yiyemereye ko ari inyuma y’ivyo bitero, nawe agiye kuzoja mu bakorwako amatohoza”.