Imbere y’abaserukira ibihugu vyabo mu burundi,Prezida Evariste Ndayishimiye yagaragaje ko yipfuza ibiganiro n’urwanda nk’inzira yo gukinga intureka zishobora kwaduka hagati y’ibi bihugu 2.
Varisto Ndayishimiye ati:” mu mico y’ikirundi imbere yo gutera umubanyi muraganira,ariko iyo nzira idakunze tugaterwa tuzivuna”.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 ruhuhuma 2025 mu kirimba c’umukuru w’igihugu,prezida Evariste Ndayishimiye yarashikirije abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi aho uburundi bihagaze ku ntambara ya kongo no ku mubano w’urwanda.
Prezida Evariste Ndayishimiye yamenyeshejeje ko yipfuza ko haba kuganira n’urwanda kandi ko kugira ntihabe intureka hagati y’ibi bihugu 2.
Ndayishimiye ati:”kuva 2020 twamye twipfuza ko tuganira kandi nubu niho tugihagaze.ariko mu gihe ibiganiro vyonanirana tugaterwa ntakundi tuzivuna kuko abarundi ntituzokwemera ko dusubira mu bihe twaciyemwo.”
Prezida Evariste Ndayishimiye amenyesha ko nubu imiryango yuguruye kugira bicarane n’urwanda nkuko uburundi bwamye buvyipfuza guhera 2020.
Nayo
kukibazo c’intambara ya kongo,Prezida Evariste Ndayishimiye yarashikirije imbere y’abaserukira ibihugu vyabo mu burundi ingingo 5 zokwisungwa kugira intambara ihagarare mu buseruko bwa kongo nazo akaba ari izi zikwirikira:
Ingabo ziri ku butaka bwa Congo zitabifitiye uburenganzira canke zitatumweko zovayo
Imigwi y’abagwanyi ihungabanya umutekano muri ako karere yotuzwa haromwo na FDLR izwi nk’umuhari w’iterabwoba wahungabanije akarere.
Umugwi M23 nimba uhurikiwemwo n’abakongomani wokwivangura n’abatari abanyekongo hama hagakurikira ibiganiro na Reta ya RD Congo.
Guhagarika indwano vyihuta atagisabwe.
Amakungu asabwa gufasha kugira mu karere haboneke amahoro arama.
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarahumurije kandi abanyamahanga baba mu burundi bafise ubwoba ku ntambara ya kongo ko uburundi burangwamwo amahoro kandi ko bushoboye gukingira abanyamahanga n’abenegihugu.





Recent Comments