UBM News ads

Gute uburundi bwinjiye mu ntambara ya Kongo?Gen James kabarebe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gen(Rtd)James Kabarebe yagiriza Prezida Evariste Ndayishimiye gutanguza intambara y’ubwoko abanje guhabwa amafranga na Felix Tshisekedi aca arungika ingabo z’uburundi n’imbonerakure bifatanya na FDLR kugira bakure ubutegetsi bw’urwanda.

James kabarebe ati:”kubera iterabwoba n’umugambi mubi bafise,urwanda rukomeza uburyo bw’ubwirinzi”.

James kabarebe yahoze ayoboye ingabo z’igihugu c’urwanda akaba ubu ari umunyamabanga wa Leta y’urwanda mu bushikiranganji bw’imigenderanire ajejwe ibibazo vyo mu karere yaraye atanze ikiganiro cihariye ku bimenyeshamakuru vyo mu rwanda nka Rwanda Broadcast Agency(RBA)ku musi w’ejo igenekerezo rya 26 ruhuhuma 2025 aho yagarutse ku ntambara ya kongo,kuburundi n’uruhara rw’akarere n’amakungu kuri iyi ntambara.

James kabarebe yavuze impamvu nyamukuru Uburundi bwisanze muri iyi ntambara.

Aha Gen james Kabarebe avuga ko Prezida Ndayishimiye ari kurwanda intambara y’ubwoko muri kongo abanje guhabwa amafranga na Felix Tshisekedi maze aca arungika abasirikare n’imbonerakure bifatanya na FDLR muri wa mugambi mubi wo gukuraho ubutegetsi bw’urwanda.

nkuko Gen James Kabarebe abivuga,Prezida Felix Tshisekedi amaze gutangaza incuro zirenga 3 ko azokuraho ubutegetsi bw’urwanda mbere Na Prezida Evariste Ndayishimiye nawe yabivugiye muri kongo muri 2023 ko azofasha urwaruka rw’urwanda mu kwikurako ubutegetsi bwa prezida Paul Kagame.

Ni gute Ndayishimiye yarungitse ingabo kandi yari chair person wa EAC?

Gen James Kabarebe avuga ko hari umugambi wateguwe kuko prezida Felix Tshisekedi yabanje kwirukana ingabo zose za EAC zari mu butumwa bwo kugarukana amahoro muri kongo(SAMIDRC) kandi ico gihe izo ngabo zabikora neza ariko mu nyuma Ndayishimiye aca iruhande arungika ingabo ziwe n’imbonerakure kwifatanya na FARDC(ingabo za kongo)bifatanya na FDLR muri iyi ntambara.

James kabarebe avuga ko uko iki kibazo kibandanya iyindi ntera,urwanda narwo rukomeza uburyo bw’ubwirinzi kuko nkuko abivuga urwanda rwamye rushaka kwirinda kugira iki kibazo c’ubwoko ntikigaruke nkuko vyabaye 1994 ariko noneho kibashije kugaruka.

Uruhara rw’amakungu muri iyi ntambara.

James kabarebe avuga ko Ubutegetsi bwa kongo kuva 1960 bwamye bwifashisha abacancuro mu kurwana intambara mbere nubu akaba yashimye gukoresha abanya rumaniya n’abarundi ariko nabo barananirwa.Abibonye aca asaba ingabo za SADEC (Malawi,Tanzaniya n’Afrika y’epfo)baza kwifatanya n’abarundi.

gute ibi bihugu babikora bibizi ko baje kwifatanya na FDLR?Gute UN security council iri gushigikira izi ngabo mu buryo bw’ibikoresho n’uburyo? Ikibazo kihari gikomeye nkuko bibandanya vyemezwa Na James kabarebe nuko ikibazo ca M23 bagifatanije n’urwanda,ikibaye cose n’urwanda!

James kabarebe arangaiza amenyesha ko urwanda rutigeze rutera kongo na rimwe naho kongo yoyo ihora ishaka gutera urwanda ariko urwanda ruzokomeza ibikorwa vy’ubwirinzi kugira ibi vyose bibangamiye urwanda biburizwemo

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments