Bujumbura : Umushingamateka Hafsa Mossi yishwe arashwe

0

Hafsa Mossi, umushingamateka wo mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yiciwe i Bujumbura mu gisagara ca Bujumbura.

Abamwishe bamurashe bari mu modoka yo mu bwoko bwa TI ifise iparati ndangamuduga yo mu gihugu ca Tanzaniya, nk’uko mu giporisi bavyemeza.

mosi

Iyo modoka yabanje kugonga iyo yarimwo, nawe amanuye ikiyo kugira abaze ibibaye, abo bantu bari bitwaje inkoho baca bamurasa amasasu mu mutima. Yacikanye ashikanwe ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge.

Hafsa Mossi yahora aserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, akaba yigeze kuba umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, yongera aba kandi umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko.

Apfuye ku myaka 52, amaziko yiwe akaba yabaye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu nyene.