Bujumbura : Umukozi w’igendereza yaburiwe irengero

0

Iminsi itanu irarumanye umuryango wa Savin NAHINDAVYI akorera urwego rw’igendereza mu Burundi utazi irengero ryiwe. N’abakoresha biwe bamenyesha ko batamuherutse.

Umupfasoni wa Savin NAHINDAVYI avuga ko amuheruka ku munsi w’Imana w’indwi iheze, n’aho nyene bakaba bavuganye kuri terefone ngendanwa.

Babonye adatashe kuri uwo munsi, na terefone ngendanwa yiwe ikaba izimije, bukeye kuwa mbere umuryango wiwe waciye uja kubaza ku kazi, ariko naho nyene bakaba basanze batamuherutse.

Amakenga n’ubwoba ni vyinshi muri uwo muryango, bagasaba igiporisi ko cokora ibishoboka vyose uwo mukozi w’igendereza akaboneka.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here