Abakiri bato bosigarana iki kw’iragi rya Jean Baptiste BAGAZA?

0

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Jean Baptiste BAGAZA yitavye Imana kuri uwu wa gatatu yigishije Abarundi icarico ugukunda n’ugukorera igihugu. Naho yari akiri muto, Jean Baptiste BAGAZA muri bikuru bikuru yaranguye, yarakuye Ubugererwa, Ubugabire, ikori ry’umutwe.

Yakuye uburengeti bwambarwa n’abagabo ku murango, azana ibigwati, uburaro bw’abakozi ba Reta, atanguza guteza ibiti ku misozi, yubaka amabarabara, ingomero z’umuyaga nkuba nka Rwegura, ashinga yongera yubaka amahinguriro n’amashirahamwe yahaye kazi Abarundi batari bake. Amahinguriro yatangujwe ku ntwaro yiwe ni COTEBU, VERRUNDI, BRAGITA, SOSUMO, ONATOUR, ENACI, CAMOFI, ONIMAC, ONATEL, ONAPHA, INCN, OTRABU, SOBUGEA, SOCABU, SOBECOV, ECOSAT, SETEMU, LONA, SRD (Sociétés Régionales de Développement , Imbo, Buyenzi ,Kirimiro.. ) nizindi nyishi.

Intwaro yiwe niyo yazanye Tereviziyo y’igihugu, ikinyamakuru Renouveau du Burundi, ibitaro bikuru vyo kumirwa mikuru y’intara zitarinke, CHUK (bita roi Khaled), Ububiko n’isomero ry’ibitabu bukuru bwitiriwe Kadhafi muri kaminuza y’Uburundi, ISA, ENAPO n’ibindi bitari bike.

Kuva agifata ubutegetsi mu 1976, ntiyihanganiye ababuhoramwo yavuga ko bakoreye intwaro yari yashaje (Intwaro ya Micombero Michel). Abarundi baracibuka ko na sebukwe yatwara komine Isale-Mugaruro (Bujumbura rural) yakuwe nk’abandi ba musitanteri bose.

visi

Ingorane nyamukuru yagize : Kuva mu myaka y’1980 ntiyagiraniye imigenderanire myiza n’idini rya Gatolika ari naco camukuyeko icizere c’abanyagihugu batari bake.

Akananiye umugabo kananira n’uwundi kuko naho yarwanije bimwe biboneka ubunyonyezi bw’itunga rya Reta hamwe n’igiturire, akamwana wa mama, ka mpinga yanje koba karamunaniye gutuza burundu imbere yuko akurwa ku butegetsi mu 1987 na Major Petero Buyoya.

Reta y’Uburundi imenyesha ko yakiranye umubabaro urupfu rwa Jean Baptiste BAGAZA yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi yitavye Imana mu gatondo ko kuri uwua wa gatatu.

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye, bamenyesha ko Uburundi bubuze intwari, umukozi akomeye yateje imbere ubutunzi n’imibano mu Burundi, mu myaka yamaze atwara Uburundi kuva mu mwaka w’1976 gushika mu 1987.

Uburundi bwahojeje umuryango wa Jean Baptiste BAGAZA, inama nkenguzamateka yarimwo, hamwe n’umugambwe wiwe PARENA.
Reta y’Uburundi yashizeho ikigandaro c’iminsi itatu, muri ico kiringo amabendera y’igihugu akazoduzwa gushika hagati.