Bujumbura : Ikinogo cahambwemwo abantu benshi cabonetse

0

Abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’igiporisi bavuga ko batoye ikinogo cahambwemwo abantu bagera kuri mirongo itatu bishwe mu ntureka Uburundi burimwo.

Nk’uko twashoboye kuvyibonera, ico kinogo cabonetse kw’ibararabara ry’icenda muri karitiye ya Mutakura, muri zone ya Cibitoke, mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

vie

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA yamenyesheje ko amakuru y’ahari ico kinogo cahambwemwo abantu benshi bayabwiwe n’umwe mu banyagihugu bahora bari mu bikorwa vy’uguhungabanya umutekano, ariko mu nyuma bakishikana ku nzego z’umutekano.

mbon

Muri ico kinogo habonetsemwo ibisigarira vy’abantu batatu n’agahanga kamwe ariko umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA akaba yamenyesheje ko abatanze amakuru bavuze ko abahambwe muri ico kinogo bashobora kuba barenga 30.

Ku bijanye n’ukumenya abo bantu bahambwe muri ico kinogo abaribo, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yamenyesheje ko ari abahowe ko badashigikiye imyiyerekano y’ukurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA yariko ibera ku Mutakura.

mais

kin