Natacha Ngendabanka yahawe agashimwe na Vitalo’o fc

0

Natacha Ngendabanka n’umwe mu baririmvyi b’abarundi bakoze cane muri uyu mwaka twarangije wa 2015,yarasohoye indirimbo zitari nke,arakora amasanamu,akaba ndetse yarakoze amasanamu y’indirimbo ziwe, yaraye ahawe agashimwe n’umugwi wa vitalo kuko indirimbo yakoze zari izo kugarukana amahoro no kwumvikanisha abantu
natacha arikumwe na divine ngendabanka

Nyuma yo kuronka ako gashimwe,Natacha akaba yarashimiye uwurongoye umugwi wa vitalo kubona yaramwiyumviriye akamuha ako gashimwe

Twobabwira ko Natacha mu mwaka wa 2015 yashoboye gukora indirimbo y’amahoro arikumwe n’abandi baririmvyi b’abarundi
yirabe hano: