Bujumbura : Abamenyeshamakuru batatu bakubiswe n’abaporisi

0

Abamenyeshamakuru batatu b’insamirizi yitiriwe imico kama (Radio Culture) bakubiswe n’abaporisi mu gihe bari mu kazi kabo kuri uwu wa mbere, muri zone Ngagara, igisagara ca Bujumbura.

Abo bamenyeshamakuru bakubiswe ni Alain Majesté Barenga, Alain Niyomucamanza hamwe na Bella Gloria Akimana. Bose bakubiswe mu gihe bariko barondera amakuru ku matati y’amatongo ahuza abajejwe intwaro hamwe na bamwe mu banyagihugu, muri karitiye ya 10, zone Ngagara, igisagara ca Bujumbura. N’imodoka barimwo yononekaye.

Umwe muribo, Alain Majesté yinjiye ibitaro umwanya muto, bitewe n’inkoni yakubiswe n’abaporisi.

Igihugu c’Uburundi kiri mu kibanza ca nyuma, mu cegeranyo c’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, mu bijanye n’ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru.