Abatowe bashasha b’indongozi za CNARED bamenyekanye

0

Urunani CNARED rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA ruramutswa indongozi nshasha kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 27 Myandagaro 2018. Izo ndongozi nshasha zatowe mu matora yabaye kuri uwu wa mbere.

Umukuru w’urunani CNARED mushasha yatowe ni Jean MINANI, icegera ciwe ca mbere akaba ari Bernard BUSOKOZA yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Pamphile MUDEGEREGA niwe yatowe nk’icegera ca kabiri c’umukuru w’urunani CNARED, Anicet NIYONKURU atorwa kuba umunyamabanga nshingwabikorwa w’urwo runani.

Muri ayo matora, Onesime NDUWIMANA yahoze ari umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD niwe yahawe kuba umuvugizi wa CNARED.