Umunywanyi wa RWASA Agathon yagirizwa gutunga ikirwanisho atafatanwe

0

Umunywanyi w’urunani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI wo mu ntara ya Karusi, komine Mutumba yarahagaritswe kuri uwu wa kabiri, kw’itegeko ry’uwutwara igiporisi muri komine Mutumba.

Eric NDIKUMASABO yahagaritswe inyuma y’isakwa ryakozwe ku rugo iwe, mu runani rw’abigenga AMZERO Y’ABARUNDI bakaba bavuga ko uwo yafashwe kubera imvo za poritike, bagasaba ko yorekurwa kuko ata n’ikintu na kimwe abaporisi batoye ku rugo rwiwe.

Mu runani AMIZERO Y’ABARUNDI bamenyesha kandi ko ibiriko birakorerwa abanywanyi babo ari agatotezo, bagasaba ko ubutungane bwtunganiriza uwo munyagihugu asubiremu muryango wiwe.