Bubanza: Imigwano Ikaze Hagati Y’Igisirikare ca Leta n’Abarobeli

0

Imigwano ikaze yamaze amasaha menshi yahuje ku musi wa gatanu ku mugoroba itariki 7/4/2017 yarabaye hagati yigisoda c’uburundi hamwe nabarobeli, ku birometero 15 uvuye ku murwa mukuru Bujumbura, iyo migwano yongera irabandanya ejo hahise ku musi wa gatandatu mu gitondo, impande zose uko ari zibiri zikavuga ibitigiri bitandukanye vy’abahasize ubuzima.

Nkuko umuvugizi w’igipolisi c’ Uburundi, Pierre Nkurikiye, abivuga, nimiburiburi “abasuma 4 bitwaje ibigwanisho” ( ijambo ubutegetsi bukunze gukoresha mukuvuga ‘ abarobeli’) barishwe mwiyi mishamirano.

Nkuko VOA Afrique yabiyangaje, Kuruhande rwabarobeli nabo, umuvugizi w’ ishami ryiyonkoye kuri FNL ari mu buhungiro, Isidore Nibizi, yaremeje ko abasoda b’igisirikare c’Uburundi 7 hamwe numoroberi umwe ko aribo bahasize ubuzima.

Nta soko rindi ryigenga riraboneka ryoza ryemeza canke rihakana ivyo bitigiri. Amakuru menshi ava mwako karere yarakwiragiye ku mbuga nkoranyabumenyi ku musi wa gatanu ku mugoraba amenyesha ko habaye imigwano ikaze harimwo ugusubizanya ibikoho nibibombe bikomakomeye mwako karere.

Nkuko Nkurikiye abivuga, uyo mugwi w’”abasuma bitwaje ibigwanisho” warasahuye ama boutike ku wagatanu ku mugoroba I Gihanga, mu ntara ya Bubanza, wongera unyuruza abantu bane, babiri muri bo bakaba barashoboye gutoroka.

“Abasuma bane barishwe ejo kuwagatandatu hahise mu gatondo mu mishamirano yabaye nabasoda ba leta mu kiyaya ca Rukoko aho bari binyegeje”, niko Nkurikiye avuga. “Nta munyagihugu yapfuye canke inka yanyazwe” ,niko Abandanya avuga.

Ariko Isidore Nibizi arahakana ivyo akamenyesha ati: “Mpejeje kuvugana nabasoda bacu ba FNL bari kurubuga rwintamabara, baranyemeje ko abasoda b’Uburundi indwi bahasize ubuzima igihe bagwa mumutego batezwe muri commune Gihanga”.

“Igisoda ca leta cahavuye kironka imfashanyo hama imigwano ibandanya mu gatondo k’ejo ku wa agatndatu hama umwe mu Basoda bacu aricwa “ ,niko Isidore nibizi abandanya amenyesha, avuga ko iyo migwano ikaze ‘yamaze amasaha menshi’.

Nkuko AFP ibimensyesha, hari numu sivile umwe yarakomeretse, hama igipolisi kirahagarika abasivile batari bake, bagirizwa kuba bakorana nabo baroberi.

Uwo murwi wabagwanyi wama watanye mu mitwe nigisirikare c’uburundi muri commune Gihanga mu mtara ya Bubanza, urongowe na Aloys Nzabampema.