Ikibazo Ca Syria Kibandanya Gicanishamwo Ibihugu Vya Rutura

0

Hamaze rero kuvuka impande zibiri zitumvikana ku kibazo ca Syria: Uruhande rumwe rugizwe n’ibihugu bishigikiye Amerika( aha harimwo ibihugu nka vyose vy’i Buraya) hamwe n’urundi ruhande rushigikiye Syriya( harimwo Uburusiya, Irani n’ibindi bihugu bikiri inyuma ya Bashar al-Assad).

Inyuma yaho Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitereye missikes igihugu ca Syriya mu ndwi iheze, imigenderanire hagati ya Leta zunze ubumwe z’Amerika n’incuti za Siriya arizo Uburusiya na Irani irushiriza gutituka mugihe ivyo bihugu bitangarije ko bizokwihora Amerika inyuma y’ibitero yagavye Siriya n’inyuma yaho itangarije ko igamije gukura Assad ku butegetsi.

Umukuru w’igihugu ca Irani, Hassan Rouhani yaraterefonye Bachar al-Assad amubwira ko akimushigikiye kandi atako aranegura n’igitero cakozwe n’Amerika, ivyo vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru Sana ryo muri Siriya.

Hassan Rouhani, Umukuru w’Igihugu ca Irani

Nayo abakuru b’ibisirikare vy’Uburusiya na Irani ku musi wa gatandatu baremeranije ko bagiye kubandanya bashigikiye Assad muvyagisirikare gushika batujije abakora iterabwoba bose hamwe n’ababafashe m’umugongo.

Irani, Uburusiya na Siriya bavuga ko abo bose batavugarumwe na reta ya Siriya ar’abakora iterabwoba.

Ni mugihe umunyamabanga mukuru wa reta wa Amerika, Rex Tillerson kur’uyu wa gatatu yitezwe I Moscou mu Burusiya aho azoba agiye kugondoza Uburusiya ngo bureka gushigikira Umukuru w’igihugu ca Syria Bashar al-Assad.

Mu gihe Amerika yosubira gukora ibindi bitero kuri syriya, hashobora kwaduka intambara idasanzwe yokwandukira isi yose maze ugasanga abantu batari bake barahasize ubuzima.