Abanyagihugu Baba Ahariko Hubakwa Ingoro Y’Umukuru w’Igihugu Mu Gasenyi Bimuwe.

0

Abantu baba hafi y’ahariko hubakwa ingoro y’umukuru w’igihugu c’Uburundi batanguye kwimuka nk’uko babisabwe. Abategetswe kwimuka ni abari mu kibanza ca hegitari 40 uvuye ahari iyo ngoro y’umukuru w’igihugu iriko yubakwa muri zone Gasenyi, komine Mutimbuzi, mu gisagara ca Bujumbura.

Itegeko ry’umushikiranganji w’ibidukikije ryavuga ko abo bantu bafise ikiringo co gushika kuri uwu wa kane igenekerezo rya 6 Ndamukiza igihe c’isaha cumi n’imwe. Bamwe muri abo bari baguze ibibanza bubatsemwo muri ako karere bakaba batanguye kwimuka mu gihe hari abandi bo muribo bavuga ko batabona aho baja, kuko batarahabwa umuzibukiro.

Ishusho y’Ingoro y’Umukuru w’igihugu iriko yubakwa mu Gasenyi

Abandi bavuga ko naho bazohabwa uwo muzibukiro ataco uzobamarira kuko amafaranga bazohabwa ataho ahuriye n’ayo bakoresheje mu kugura hamwe n’ukwubaka amazu babamwo.

Abaporisi benshi ejo kuwa gatanu hahise bari muri ico kibanza, basaba abo banyagihugu kwihutira kuva muri ico kibanza.

Itegeko ry’ubushikiranganji bw’ibidukikije rivuga ko abatazova muri ico kibanza ku neza, bazohakurwa ku nguvu.