Abaprezida banse ko horungikwa inteko mvamakungu mu Burundi

0

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryamenyesheje ku mugaragaro ko ritazorungika inteko mvamakungu kugarukana amahoro mu Burundi. Muri iryo shirahamwe bavuga ko izo nteko zizorungikwa mu Burundi ari uko gusa Reta y’Uburundi ibisavye, izo nteko zikaronka ubutumire buvuye mu Burundi.

arton15524-702fc

Inama yamaze amasaha agera kuri atanu gushika mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu ntaco yavuyemwo ku guhuza kw’ibihugu vyose mu bijanye n’irungikwa ry’inteko mvamakungu mu Burundi. Bamwe bavuga ko izo nteko zidashobora kurungikwa mu gihugu abarongozi baco bamaze kumenyesha ko batiteguriye kuzakira, abandi bakavuga ko zitarungitswe abanyafrika batazosubira kwizera gukingirwa n’indongozi zabo.

Ku munsi wa mbere w’inama ya 26 y’Abakuru b’ibihugu bagize umuryango w’ubumwe bwa Afrika, bamwe mu bakuru b’ibihugu bifadikanije na Reta y’Uburundi mu kudashigikira irungikwa ry’izo nteko, aho mukibuka ko Reta y’Uburundi yamaze kumenyesha ko nizarungikwa ku nguvu zizofatwa nk’iziteye Uburundi.
Yahya Jammeh, umukuru w’igihugu ca Gambie yamenyesheje itangazamakuru ko igihugu ciwe kiri mu bidashigikiye ko izo nteko zorungikwa mu Burundi.
« Uburundi sibwo bwonyene budashigikiye ko izo nteko zorungikwa. Ingingo nk’iyo Uburundi budashigikiye ntishobora gufatwa, kuko ari igihugu cikukiye. » , Yahya Jammeh, umukuru w’igihugu ca Gambie akaba ahubwo yibukije uruhara rw’Uburundi mu kugarukana amahoro mu bindi bihugu hamwe n’ukurwanya imirwi y’iterabwoba muri Somaliya n’ahandi.

African-leaders

Ku rundi ruhande, habaka hari abavuga ko mu gihe izo nteko zitorungikwa, bwoba ari ubutumwa bubi burungitswe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bukazofatwa nk’igitutsi ku banyafrika biteze gukingirwa n’abayobozi ba Afrika. Nk’uko vyashikirijwe na Sipho Mthathi, umuyobozi nshingwabikorwa wa Oxfam igisata ca Afrika y’Epfo, kutarungika izo nteko bizokwerekana ko abakuru b’ibihugu vya Afrika batababaye abanyagihugu b’Abarundi, akavuga kandi ko bitangaje kubona Uburundi bwatorewe kuja mu nama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.
Sipho Mthathi ati : « Iyo ngingo y’ukurungika izo nzego igasubizwa inyuma, ivyo bizoca bisigura ko Abanyafrika batazosubira kwizera ko bokingirwa n’indongozi za Afrika. Ivyo navyo bikaba bizoca vyugururira umuryango ihohoterwa rya kiremwa muntu no ku bandi bakuru b’ibihugu. »

151213182638_burundi_violence__512x288_afp_nocredit

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu karere k’ibiyaga binini, Ibrahima Fall, yamenyesheje ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ritigeze ryiyumvira kurungika abasirikare kugarukana amahoro mu Burundi, mu gihe Uburundi bwoba butabitangiye uruhusha.

Mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika yabereye muri Ethiopie, abakuru b’ibihugu n’abandi bategetsi barananiwe kwumvikana kw’itegeko ryari rikenewe ryo kurungika abasirikare bagera ku bihumbi bitanu boza kugarukana amahoro mu Burundi.

Tubamenyeshe ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, yabwiye abakuru b’ibihugu ba Afrika ko ashigikiye iciyumviro co kurungika abasirikare 5000 kugarukana amahoro mu Burundi.