Bantu murondera impapuro zitandukanye muragabe

0

Umugabo umwe yafashwe n’abajejwe umutekano, inyuma y’aho bimenyekaniye ko akora impapuro za magendu, hamwe n’ibimangu (Cachets) vy’amashirahamwe atandukanye.

Uwo mugabo yafatanwe ibimangu vy’amashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF, CROIX ROUGE, n’ayandi, akaba apfungiwe mu giporisi i Bujumbura, mu kurindira ko akorerwa idosiye ashikirizwe ubutungane.

Uwo muntu yafashwe inyuma y’amezi make igiporisi gifashe abantu umunani bafatanwe impapuro za magendu, ibimangu vyo mu bisata bitandukanye hamwe n’ibikoresho bitandukanye bikora mu kwandika no mu kurwiza impapuro.

Nk’uko umuvugizi w’igiporisi OPP1 Pierre NKURIKIYE yabimenyesheje, abo bafashwe bari mu mirwi ibiri, umwe ugizwe n’abagabo bane bafatanywe urupapuro rwo kugendesha imodoka rwa magendu, n’uwundi ugizwe n’abagabo bane bafatanywe ibimangu, impapuro z’umutsindo za magendu n’ibikoresho bakoresha.

Umurwi wa mbere wafashwe inyuma yaho umugabo azwi kw’izina rya NIYONKURU Amad yafatanwa urupapuro rwo kugendesha imodoka rwa magendu, igiporisi gica gitanguza amatohoza gushika bamenye uwuzikora.

Umurwi wa kabiri wafatanywe imashini nyabwonko 9, ibikoresho bisohora impapuro 9,ibikoresho bifotora impapuro 3,icuma gitanga umuyagankuba,imashini zo kwandika n’ibindi.

Uko ari bane bafatanywe kandi impapuro z’umutsindo za megendu, impapuro zerekana ko umuntu akomeye, impapuro ndangatongo za magendu, hamwe n’impapuro zihamagaza abantu mu butungane nazo za magendu.

Umuvugizi w’igiporisi OPP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko ivyo vyose vyafatiwe mu bibanza indwi, biri mu Buyenzi, mu Buterere,mu Kinama, mu Nyakabiga mo mu Bwiza.