Makamba : Abantu barenga 50 bafashwe

0

Igiporisi c’Uburundi cafashe abantu bagera kuri 52 bo ku musozi Muyange, komine Nyanza-Lac, intara ya Makamba. Abo bantu bafashwe mw’isakwa ryakozwe n’igiporisi kuri uwu wa kane.

Muri abo bafashwe, mu giporisi bavuga abagera kuri 35 batari bafise ibibaranga (ikarata karangamuntu), abandi nabo 11 akaba ari abagore bagirizwa ko badandaza umubiri.

Muri iryo sakwa ryakozwe, abaporisi bafashe kandi urumogi rugera ku kiro kimwe, hamwe n’imiti ya magendu.

Nk’uko bivugwa n’abajejwe umutekano mu ntara ya Makamba, abo bafashwe bapfungiwe mu gasho ka komine Nyanza-Lac.