Abakuru b’imigambwe bakoraniye mu ntara ya Kayanza

0

Abakuru b’imigambwe 21 kuri 32 yemewe n’amategeko mu Burundi bakoraniye ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza kuri uwu wa gatanu, mu bikorwa vya poritike vyatunganijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Muri uwo mubonano, bitegekanijwe abo banyeporitike baza gutera umukono ku rupapuro rw’inzira (Feuille de route) ruzobashikana ku myiteguro myiza y’amatora azoba mu mwaka w’2020.

Bamwe mu banyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko uwo mubonano ari inkinamico yateguriwe imigambwe iri mu kwaha kw’ubutegetsi bw’umugambwe CNDD FDD. Abanyeporitike batitavye ubwo butumire ni Evariste Ngayimpenda wo muri UPRONA itemewe n’amategeko, Pierre-Célestin Ndikumana, umukuru w’umurwi w’abashingamateka b’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI rurongowe na RWASA Agathon, Juvénal Ngorwanubusa, umukuru w’umugambwe MRC Rurenzangemero hamwe n’umukuru w’umugambwe PPD Twungurunani.

Ivyavuye muri uwo mubonano hamwe n’ibizoba biri muri urwo rupapuro rw’inzira turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.