Ban Ki Moon yitezwe i Bujumbura mu minsi itarenga itanu

0

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon yitezwe i Bujumbura mu Burundi mu rugendo rw’akazi kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika kurya 23 Ruhuhuma 2016.

Urwo rugendo rw’umunayamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rukazoba rukozwe mu ntumbero y’ugushira mu ngiro ivyasabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu kurondera inyishu y’ibibazo vya poritike biri mu Burundi, kuva hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Muvyo Ban Ki Moon azoganira n’ubutegetsi bw’i Bujumbura hakaba harimwo n’ukurabira hamwe ibijanye n’irungikwa ry’inteko mvamakungu mu Burundi, ibidahurizwako hagati na ONU na Reta y’Uburundi.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon agiye kuza mu Burundi mu gihe umuryango w’Ubumwe bwa Afrika wamenyesheje amazina y’intumwa zo mu rwego rwo hejuru zigiye kurungikwa mu Burundi kuganira n’abategetsi b’Uburundi, ku kibazo ca poritike n’umutekano muke bivugwa mu Burundi.

Durban review confference

Mw’itangazo umuryango w’ubumwe bwa Afrika wasohoye, bamenyesheje ko izo ntumwa zitowe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu na Reta iherutse kubera i Addis Abbeba muri Ethiopia. Izo ntumwa zizoba zizanwe n’ukuganira na Reta y’Uburundi, n’abandi bose begwa n’ikibazo c’Uburundi, ku bijanye n’ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta, hamwe n’irungikwa mu Burundi ry’abasirikare b’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika (MAPROBU), mu gihe Reta y’Uburundi yovyemera.

Izo ntumwa zigizwe n’abakuru b’ibihugu bahagarariye uturere dutanu twa Afrika, abo nabo akaba ari umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz azoba aserukiye akarere ka Afurika ya ruguru
Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, azoba aserukiye akarere k’amajyepfo ya Afrika
Umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’uburengero
Umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba azoba aserukiye akarere ka Afrika yo hagati
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’ubuseruko.