UBM News ads

Abitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu bazanye amadosiye ku bwinshi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abo nabo akaba ari icegera cambere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, asanzwe yitoza aserukira umugambwe UPRONA, abigenga babiri aribo Francis Rohero na Dieudonné Nahimana. Abo bose bakaba bahuriye mu miryango yaho umurwi CENI ukorera bazanye amadosiye yabo basabwa n’amategeko agenga amatora.

Gaston Sindimwo, yitoza kuruhande rw’umugambwe UPRONA akaba yaciye aremesha ikiganiro kubamenyeshamakuru aho yatanze imigambi yiwe 11 azoshira imbere mu kwiyamamaza harimwo ubwingenge bw’abamenyeshamakuru, kuvuza kubuntu no guhemba gushika ibice 75 kw’ijana abakozi ba leta bakukurutse, ubuzi ku rwaruka hamwe no gukwiza amatara n’amazi mu gihugu cose, no gukomeza ubutungane n’amahoro mu gihugu.

Umushingamateka Agathon Rwasa aserukira umugambwe CNL hamwe na Evariste Ndayishimiye yitoza aserukira umugambwe CNDD-FDD uri kubutegesti bakaba bobo barahejeje gutanga dosiye zabo. Hakaba harindiriwe Leonce Ngendakumana aserukira umugambwe FRODEBU, Domitien Ndayizeye aserukira urunani Kira Burundi, Jacques Bigirimana aserukira umugambwe FNL na Fédelité Nibigira aserukira umugambwe APDR urongowe na Gabriel Banzawitonde. Kur’uyu wa kane akaba ari umusi wanyuma wogutanga ibisabwa n’umurwi CENI.  Amatora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka, abahanuzi b’amakomine akazoba itariki 20 rusama 2020. 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments