Mu gihe habandanije kuba impari hagati ya Leta y’uburundi na BBC kuri Video yashizwe ahabona na BBC ku bijanye n’amazu yo mw’ibanga akoreshwa mu guhotera abatavuga rumwe, leta y’Uburundi irabihakana yivuye inyuma.
BBC yari yavuze ko mu gihugu c’Uburundi ayo mazu akwiragiye kandi ko abahohoterwa ari abatavuga ruwe na Leta y’Uburundi.
Naho Leta y’Uburundi ibihakana, amakuru ashirwa ahabona n’Ishirahamwe riburanira agateka k’Abapfunzwe APRODH, amayesha ko ayo mazu yo mw’ibanaga ahari mu Burundi.
‘Guhakana ko ata mazu azwi akorerwamwo ubwicanyi no guhohotera abantu ni uguta umwanya kuko APRODH ibizi kuva kera’, niko APRODH ivuga.
Uwuhagarariye APRODH, Pierre Claver Mbonimpa, aremeza ayo makuru aho avuga amazu yo mwibanga agirwa ubusho, aho avuga inzu yigeze kuvuga mu Kinama mu gisagara ca Bujumbura maze baramurengutsa hama amatohoza arakorwa basanaga nivyo.
Mbonimpa nawe akamenyesha ko umushikirizamanza wa republika, Sylvestre Nyandwi ko yokwisubirako agakurikiza amategeko yemange ko hari ayo mazu’.
Kurikirana ngaha ibi na biriya muri iyi nkuru:
Recent Comments