Petero Nkurunziza : Ntabigwanisho bikenewe mu barundi ahubwo hakenewe amahoro n’iterambere.

0

Umukuru w’igihugu cu Burundi ” Petero Nkurunziza, ahamagarira urwaruka kureka guhendwa ndetse akaba anasaba abavyeyi kwitwararika indero yabana mu rwego rwo gukunda igihugu.

pierre

Nkuko yabishikirije, we avuga ko atawundi muntu azoza akunda Uburundi gusumba Abarundi bene bwo kubwivyo akaba ariyo mpamvu avuga ko atabigwanisho bikenewe mu barundi ahubwo hakenewe amahoro niterambere.

Petero Nkurunziza ati : Abarundi n’Uburundi ntidukeneye ibigwanisho, dukeneye iterambere. Ingendo y’ingwano n’akajagari vyarasezerewe kuva Arusha. Ubutegetsi buva mumatora yonyene. Abavyeyi, mwitwararike gusumba indero y’abana na canecane mugisagara ca Bujumbura n’intara kama za Mirwa na Mugamba. Urwaruka, rwaba ugwize n’urutize, ntirusubire guhendwa rubona. Rubwirwe, rwumve impanuro ruhabwa n’abarukurira. Turashimiye kandi Abarundi berekanye umutima rugabo, bakaguma kumirimo, bakima amatwi ibihuha vyo guhunga no kugumuka. Mwame muvyibuka, ko atawundi muntu azoza akunda Uburundi gusumba Abarundi bene bwo.