Amatora2020: Abakandida benshi cane baherekeza umwe…

0

Mu matora yo mu kwezi kwa Rusama 2020, haritezwe cane abakandida benshi cane bazohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu, ariko abihweza ibintu n’ibindi, barabona ko abo bakandida nka bose bazoherekeza umukandida umwe gusa.

Gushika iyi saha, abakandida ku bwo kwitoza amatora yo mu kibanza c’umukuru w’igihugu baguma biyongera.

Bamwe muri bo ni Leonce Ngendakumana(Frodebu), Gaston Sindimwo(Uprona), Jacques Bigirimana( FNL), Valenitn Kavakure(FPN Imboneza), Dieudonne Nahimana(uwigenga), Kassim Abdull(UPD-Zigamibanga), Anicet Niyonkuru(CDP), Fidelite Nibigira(APDR), Keffa Nibizi( Frodebu Nyakuri), Evariste Ndayishimiye(CNDD-FDD).

Amakuru ashirwa ahobona yerekana ko abashobora kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bashobora kuba benshi cane kugira ngo kumbure herekeanwe ko umugamwe CNDD-FDD utazotamba wirorera mu matora yo muri Rusama 2020.

Ariko nk’uko bishirwa ahabona, abakandida benshi bariko basa n’abaherekeza umukandida umwe wa CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, kubera ko ata mahirwe na matoya bafise yo gutorwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Umukandida wa CNL acitzwe cane ntaraja ahabona kuko benshi bavuga ko ariwe ashobora guhanagana n’igihangange ca CNDD-FDD mu matora yo muri Rusama 2020.

Benshi baribaza ko Rwasa Agathon aramutse aserukiye CNL, vyohava bikomerera cane umugambwe uri ku butegetsi, kubera ko Abarundi batora ‘izina ry’muntu, badatora umugambwe’, nk’uko bamwe babivuga.