Ikoraniro kaminuza ry’uyo mugambwe rikaba ryabaye kur’uyu wa gatandatu muri zone ya Ngagara quartier ya 3 muri mairie ya Bujumbura. Umukuru w’umugambwe UPRONA, Abel Gashatsi, akaba ariwe yamenyesheje umu mu candidat w’umugambwe UPRONA ugiye gushira imbere mu matora y’umukuru w’igihugu azotangura mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka.

Abel Gashatsi akaba yamenyesheje ko Gaston Sindimwo asanzwe ari icegera cambere c’umukuru w’igihugu yahiganywe murico kibanza co guserukira UPRONA n’umukenyezi umwe atashatse kuvuga izina ariko ko basanze atarakwiza imyaka 40 isabwa kugira witoze.
Gaston Sindimwo akaba yarakuriye mu mugambwe UPRONA kuva mu buto bwiwe ari muri bamwe bita abapionnier gushika aje mu nzego nkuru zuyo mugambwe. Mw’ijambo ryiwe akaba yaravuze imigambi azorangura mu gihe abarundi bomuhunda amajwi bakamutora nko kuduza igitigiri cabapfasoni mu nzego z’igihugu, kuduza amahera ahabwa amakomine mw’iterambere gushika kumuliaridi, kuvuza abana n’abageze muzabukuru kubuntu no kwigisha urwaruka kubuntu gushika ku myaka 18, gusubiramwo imirwi CVR na CNTB kugira inywanishe abarundi gusumba mugushinga ikigega co gushumbusha.





Recent Comments