Amanota y’abamenye mu kibazo ca Reta yamenyekanye

0

Inyuma y’aho abanyeshure bahejeje igice ca mbere c’inyigisho z’ishure shingiro, ikibazo cabaha uburenganzira bw’ukwinjira mu gice ca kabiri c’izo nyigisho, ubushikiranganji bw’indero bwasohoye kuri uwu wa kabiri amanota bwafatiyeko kugira abakoze ikibazo bamenye abazoja muri ico gice ca kabiri c’amashure shingiro, hamwe n’abayobowe.

Nk’uko vyashikirijwe na Janviere NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, umunyeshure wese wo mw’ishure shingiro yakoze ikibazo co mu mwaka w’icenda agashikana amanota 70 ku 200, ararekuriwe kuja mu gice ca 2 c’ishure shingiro.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, umushikiranganji NDIRAHISHA yamenyesheje ariko ko mu bisata nderabigisha n’ibisata vy’ubuhinga hamwe n’amashure y’uburaro, hasabwa 110 ku 200.

Amanota y’abazokwiga mu mashure y’akarorero ntaramenyekana ariko umushikiranganji w’indero akaba yavuze ko ayo manota atazoba ari munsi y’110 ku 200.

Mwomenya ko amashure atashikanye ibice 30 kw’ijana muri ico kibazo agiye kwugarwa, nk’uko biri mw’itegeko ry’umushikiranganji w’indero. Ayo mashure agiye kwugarwa tuzoyabamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.