Cibitoke : Inkoho zibiri zatowe mu ruzi Nyabagere

0

Inkoho zibiri nizo zatowe mu ruzi Nyabagere, ku ruhande rwa zone Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura. Izo nkoho zatowe kuri uwu wa kabiri, abajejwe umutekano bakamenyesha ko zatowe zitekewe mu kagunira, kandi ko uwazinyegejeyo atamenyekanye.

Inkoho imwe yo mubwako bwa FAL (Fusil Automatique Léger), hamwe n’inkoho imwe yo mu bwoko bwa kalashnikov (AK47) nizo zatowe aho aho mu ruzi Nyabagere, ziri kumwe n’amasasu 68 ya FAL, ibikono bitatu vyuzuye vy’amasasu ya FAL, hamwe n’imbugita y’igisirikare ikoreshwa ku nkoho yitwa.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Petero NKURIKIYE amenyesha ko abashize ivyo birwanisho ngaho batamenyekanye.