Koreya ya Ruguru Yatangaje ko Igiye Gutangura ‘Gukorora Indege za Amerika’.

0

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Koreya ya Ruguru, Ri Yong-ho, yamenyesheje kuri uyu musi wa mbere itariki 25 Nyakanga 2017 ko umukuru w’igihugu ca leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump “yatanganje intamabara”kuri Koreya ya Ruguru; akaba yabandanije amenyesha ko Leta ya koreya ya ruguru ko igiye gutangura gukorora ibidege vyo kurandura vya Amerika( Bombardiers).

Ri Yong-ho yamenyesheje uku aho ari mu gisagara ca New York: “Kubera ko Leta Zunze Ubumwe Za Amerika zatangaje intambara ku gihugu cacu, tuzoba dufise uburenganzira bwose bwo kwivuna, harimwo n’uburenganzira bwo gukorora ibidege vyo kurandura vya Amerika( US Bombers) naho ivyo bidege bitazoba biri mu kirere c’igihugu cacu”.

Ri Yong-ho yabandanije ati: “ Mu ndwi iheze [ku rubuga rwa Twitter], Trump yamenyesheje ko ubutegetsi bwacu butagiye kumara igihe kinini kandi yaratanganje intambara ku gihugu cacu….kubera ko ibi bije bivugwa n’umuntu ategeka Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ibi bifatwa neza ko ari itangazo ry’intambara”.

Kim Jong Un hamwe n’abo bafashanya gutwara Koreya ya ruguru baramenyereye gukoresha imvugo z’umuriro nko guhindura Leta Zunze Ubumwe za Amerika “ikiyaga c’umuriro” hamwe no guhindura “Leta Zunze Ubumwe za Amerika umusaka”

Donald Trump nawe aramenyereye kwandika ku rubuga rwa Twitter rwiwe ko Koreya ya Ruguru “izohura n’umuriro n’Uburake” igihe yobandanya itera akaga Leta zunze Ubumwe za Amerika n’ibihugu bicuditse na Amerika nka Koreya y’Epfo n’Ubuyapani.

Naho abashakashatsi benshi bagifise amakenga ko Koreya ya Ruguru yoba imaze gushika ku guhingura ibigwanisho bikomeye bishobora gushikira ubutaka bwa Amerika, biragaragara ubu ko ivyo Koreya ya Ruguru ishobora kubishikako.
Leta ya Koreya ya Ruguru ikaba imaze kwihweza uko ibihugu nka Iraq na Libiya vyaguye mu maboko yabansi bashigikiwe n’ibihugu vya Amerika n’Uburayi, maze nkuko abahinga bavyerekana, ico gihugu kigomba kwikingira kugira ntigishikirwe n’ivyo vyashikiye ivyo bihugu.