Indogobwa 10 zari zatanzwe n’Ubufaransa zahawe amasaha 48 zibe zavuye mu Burundi.

0

Inyuma y’impari hagati y’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi na leta y’uburundi,Indogobwa 10 zari zatanzwe n’Ubufaransa zahawe amasaha 48 zibe zavuye mu Burundi.Ivyo bishitse inyuma y’aho habaye impari hagati y’Ubuserukizi bw’Ubufaransa na leta y’Uburundi ku bijanye n’izo ndogobwa vyavuzwe ko ‘zinjiye mu Burundi hadakurikijwe amategeko’.

Leta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’Uburimyi n’ubworozi, yamenyesheje ko Ishirahamwe ‘OGENA (iryo Ubufaransa bwacishijeko mu gutanga izo ndogobwa) ritakurikije amategeko agenga ibijanye no kwinjiza ibintu mu Burundi’.

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bukaba bwatanze amasaha atarenga 48 kugira ngo ‘izo ndogobwa uko ari 10 zibe zasubijwe ku gihugu zaje zivamwo ari co Tanzania’.

Hakaba hari haheze amezi abiri izo ndogobwa uko ari cumi zimaze kwiyamirizwa mu Burundi zikaba zaciye zishirwa ukwa zonyene( en quarentaine) muri Commune Mabanda, mu ntara ya Makamba.