Abategetsi bane b’Abarundi bagumijweko ibihano bari bafatiwe

0

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryamenyesheje ko ryafashe ingingo y’ukugumizako ibihano abategetsi bane b’Abarundi. Ivyo bihano bagumijweko bari babifatiwe kw’igenekerezo rya mbere Gitugutu 2015, bagirizwa n’ubumwe bwa Buraya ko bakora ibikorwa bihungabanya intwaro rusangi mu Burundi, kandi ko aribo ntambamyi y’umuti w’ibibazo vya poritike Uburundi burimwo.

Ubumwe bwa Buraya bwamenyesheje ko ivyo bihano bigumye kuri abo bategetsi gushika kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2017.

niyob

Abo bategetsi bari mu bihano ni Godefroid Bizimana icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, Général Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika umuyobozi ajejwe ibibazo vy’igiporisi mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu, Mathias Joseph Niyonzima batazira Kazungu umukozi w’igendereza ry’Uburundi, hamwe na Léonard Ngendakumana yahoze akora mu biro vy’umukuru w’igihugu, ubu akaba ari mu buhungiro.

Abo bose uko ari bane bagirizwa ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi bitandukanye, hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu.

Ivyo bihano bafatiwe bibabuza uburenganzira bw’uguhonyoza ikirenge ku butaka b’umugabane wa Buraya, hamwe n’ukudashobora kuhagira amatunga.