Ibanki nkuru y’igihugu yugaye imihora imwe imwe yoguhana amahera

0

Iyo nayo akaba ari imihora nka M-Pesa, MTN, Airtel Money na Tigo bahana amahera biciye kuri terefone. Ibanki nkuru y’igihugu, BRB, mw’itangazo ryayo ryo kur’uyu wa kabiri, yamenyesheje ko iyo mihora itazwi n’amategeko kandi ataruhusha yasavye kugira yemererwe gukora.

Jean Ciza, arongoye Ibanki nkuru y’Uburundi, akavuga ko abakorera mur’ico gisata bazwi n’amategeko ushobora kubasanga amazina yábo ku rubuga ngurukana bumenyi rw’iyo banki arirwo brb@brb.bi. Jean Ciza agasaba abenegihugu kuhagabira kugira ntibibwe amahera yabo agasaba n’abajejwe intwaro nabonyene gucungera ibikorwa vy’’ayo mazu yo guhanahana amahera biciye mu materephone ko bikurikije amategeko.

Iryo tangazo rije inyuma yaho hugariwe amazu yo kuvunjiramwo amahera avuye hanze y’igihugu, iyo mihora nayonyene ikaba yatuma ushobora kwakira no kurungika amahera avuye hanze canke asohoka. Abantu kubuga ngurukana bumenyi bakibaza ingaruka mbi zo kugara ayo mazu yose duehreye kubushomeri buzokwiyongera mu gihe Leta yoshira akarenge mu bintu vyose ico abize ivy’ubutunzi bise interventionnisme de l’Etat gihushanye nico bise économie libérale.