Cibitoke : Umugabo yishwe atemagujwe umupanga

0

Umugabo azwi kw’izina rya NIYONKURU Christophe yarishwe mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere ku musozi Munyika ya kabiri. Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko uwo mugabo yategerewe n’abantu bitwaje imipanga, aho akaba ari mu gihe yariko ataha ava ku kazi. Abo bantu baramutemaguje imipanga, aca yitaba Imana aho nyene.

Ababanyi b’uwo yagandaguwe bavuga ko urwo rupfu rwoba rufitaniye isano n’amatati yari mu muryango w’uwo yagandaguwe.

Abantu batatu bikekwa ko bari mu bakoze ubwo bwicanyi bafashwe n’igiporisi.

Mu makuru y’umutekano nyene, havugwa umwigeme w’imyaka cumi n’itanu nawe nyene yishwe anizwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri.

Ikiziga ciwe catowe mu murima w’imyumbati, abamubonye bakavuga ko biboneka ko abamwishe babanje kumufata ku nguvu.